Perezida Putin ategerejwe m'u Burundi n'ahandi muri Africa. Inkuru irambuye._ISHEJA

Ni he Poutine ategerejwe uyu mwaka wa 2024?

Perezida Putin  ategerejwe m'u Burundi n'ahandi muri Africa. Inkuru irambuye._ISHEJA

Buri Gihugu cose kiriha ihangiro ry'ibikorwa kizorangura umwaka wose. Ni mur'iyo nzira Igihugu

c'Uburusiya naco gisanzwe kibikora. Uyu mwaka Umukuru w'iyo Leta (Russie) ategura kugendera

Imigabane iri ku Isi.

Mur'iyo Migabane, Perezida Poutine nti yibagiye Africa. Nk'uko bivugwa n'Igitangazamakuru Sputniknews Africa.

Azasura Ibihuga nka: BREZIL, CUBA, CORÉE DU NORD, IRAK, IRAN, MONGOLIE, THAÏLANDE, TURQUIE, VIETNAM.

Muri Africa,  Ibihugu bi 2  gusa n'ibyo ateganya kugendera, ibyo Bihugu 2 akaba ari: UBURUNDI NA

GUINÉE ÉQUATORIALE.

Kremlin Inzu y'Umukuru w'Igihugu cy'Uburusiya nta kintu iratangaza kuri ino nkuru. Ikindi iki Gitangazamakuru  kivuga ni manda ya Poutine izohera mu kwezi kwa gatanu. Muri izo ngendo zose nta Gihugu kidafitaniye ubucuti n'Uburusiya Poutine ateganya gutemberera.

Mu mahuriro y'Ama Leta y'Ibihugu, abiri yo nyene akomeye n'iyo bivugwa ko azitabira:

G20: BREZIL (novembre 2024)       NA 

APEC: Pérou.

Muri Africa (Burundi, Guinée équatoriale) intumbero y'urwo rugendo nti iratangazwa nkuko n'izongendo

nyene ataco Kremlin irazivuga ko. Mwomenyako iy'inkuru yatanguye kuvugwa 05.01.2024, 21h04.

Source: sputniknews Africa.

Mukurikire Isheja.com mu Kirundi n'Ikinyarwanda.